zeno
Create a Station
Explore
Religious
Music
News
Podcasts
Bible
By Genre
By Location
By Language
Download App
Toggle Sidebar
zeno
WMPG
Wiriwe Maine
Society & Culture
Kinyarwanda
A Kirundi/Kinyarwanda-language news program produced by Amjambo Africa.
Website
Episodes
57
07 June 2026
IMPUNZI NI ABANTU NK-ABANDI BAKWIYE KWUBAHWA
Kaze mu kiganiro Wiriwe Maine co kuri uyu wa Mungu igenekerezo rya 7 ukwezi kwa gatandatu umwaka wa 2026. Muri kino kiganiro twabazaniye umupfasoni Marguerite Barankitse, Umurundikazi azwi cane ku mazina y'ubuhizi nka OMA canke Maggy. Kuwa 17 ukwezi kwa gatanu guheze, yaronkejwe impamyabushobozi y'ubunyacubahiro na Kaminuza y-Abakatolika yitwa Notre Dame yo mu muji wa South Bend muri Reta ya...
42 min
17 May 2026
MARGUERITE BARANKITSE- MERE TEREZA WO MURI AFRIKA
Kuri uyu w'Imana twashimye kongera kugarura ikiganiro twakoranye na Marguerite Barankitse, mu kwezi kwa kane umwaka wa 2025. Uwo mukenyezi w'Umurundikazi yacitse rurangiranwa kubera ibikorwa vy'ubutabazi akora , muri kino gihe cane cane mu gisata co gufasha impunzi, kuri uyu wa Mungu ari mu bantu indwi baronswa impamyabushobozi y'iteka na kaminuza ya Notre Dame yo muri Leta ya Indiana muri...
1 h 10 min
03 May 2026
IBIHUMBI VY'ABANYAMULENGE BAROYE D.C. KWIYAMIRIZA AMABI ABABO BAKORERWA SUD-KIVU
Abanyamulenge baturutse mu ma Reta agera kuri 38 muri Amerika bakondoreye i Washington D.C. ku murwa mukuru wa politike wa Amerika baja kwiyamiriza amabi ababo bakorerwa mu misozi miremire mu ntara ya Kivu y-ubumanuko mu buseruko bwa Republika iharanira demokarasi ya Kongo. Mubaroye D.C. harimwo abaturutse aha muri Maine 236. Iryo koraniro ryari ryahamagawe n-ishirahamwe Mahoro Peace Association....
51 min
06 April 2026
KWIBUKA KU NCURO YA 32 JENOCIDE YAKOREWE ABATUTSI-BATES COLLEGE
Kaze mu kiganiro " Wiriwe Maine" co kuri uyu wa Mungu igenekerezo rya 5 ukwezi kwa 4 umwaka wa 2026. Muri kino kiganiro, umutumire ni Enathe Muhawenimana. Ni umunyeshure wo muri kaminuza ya " Bates College" mu muji wa Lewiston wo muri Reta ya Maine, mu buraruko bwa Amerika. Uwo mwigeme n'abandi banyeshure uyu mwaka bateguye ibikorwa vyo kwibuka ku ncuro ya 32 jenoside yakorewe Abatutsi mu Rwanda....
51 min
15 March 2026
WOMEN TO WOMEN IBIRORI
Mu kiganiro Wiriwe Maine co kuri uyu w-Imana itariki ya 15 ukwezi kwa gatatu umwaka wa 2026 tugaruka ku musi mukuru wahariwe ubwigenge bw'abagore cake abakenyezi. Ni umusi mukuru wateguwe n'sihirahamwe ry-Abakenyezi b-Abarundikazi baba muri Leta ya Maine mu buraruko bwa Leta zunze ubumwe za Amerika. Muri kino kiganiro tugaruka kuvyaranze uwo musi hamwe na bimwe mu vyo abagore baganirije Amjambo...
51 min
22 February 2026
INKUNGA UBUKODE- PROSPERITYME
Kaze mu kiganiro Wiriwe Maine co kuri uyu w'Imana igenekerezo rya 22 ukwezi kwa kabiri. Tuvuga ku nkunga itangwa n'ishirahamwe ProsperityME ikaronswa abantu ku giti cabo canke imiryango yagize ibibazo vyo kubura amafaranga yo gukota amazu bitewe n'ibikorwa vy'igipolisi kizwi nka ICE kijejwe ibibazo vy-abimukira .Ico Gipolisi mukwa mbere cafashe abantu bagera kuri 200 muri Leta ya Maine, ivyatumye...
1 h 6 min
11 January 2026
ISHIMUTWA MADURO
Kaze mu kiganiro Wiriwe Maine co kuri uyu w'Imana igenekerezo rya 11 ukwezi kwa mbere umwaka wa 2026 akaba ari naco kiganiro ca mbere ca Wiriwe Maine cuguruye uyu mwaka. Tugaruka kw'ishimutwa rya Nicolás Maduro , umukuru w'iihugu ca Venezuela n’umugore we, Cilia Flores. Muri kino kiganiro tubumvisha ico iri shimutwa risobanuye, ingaruka ku migenderanire hagati y'ibihugu vya rutura no ku baturiye...
45 min
21 December 2025
INTAMBARA ZIRAKOMEZA MURI RDC -UBUSHOBOZI BWA M23
Mu gihe Leta zunze ubumwe za Amerika zikomeje kwagiriza u Rwanda gufasha no gushigikira muvya gisirikare hamwe na politike umurwi wa M23 urwanira mu buseruko bwa Republika iharanira demokarasi ya Kongo, uwo muhari nawo ubandanya kwigarurira uduce dutandukanye harimwo utwimbukamwo ubutare bwinshi mbere bunakoreshwa cane na Amerika ubwayo mu buhinga bwa none. Ivyo bikaba mu gihe Uburundi n'u Rwanda...
1 h 0 min
30 November 2025
ABANYAMULENGE BARAMAGANA FDNB I MULENGE
Ishirahamwe " Mahoro Peace Association" rifise icicaro muri Amerika rikaba rigizwe n'abava mu bwoko bw'Abanyamulenge rimaze imisi ritunganya muri uku kwezi kwa 11 imyiyerekano izokomeza mukwa 12 mu miji n'ama reta bitandukanye muri Leta zunze ubumwe za Amerika. Iyo myiyerekano ni iyo kwiyamiriza ico uwo muryango wita " ihonyabwoko n'agatotezo bikorwa n'igisirikare c'Uburundi FDNB" ku Banyamulenge...
35 min
09 November 2025
KEVINE UBWIZA MAINE
Kaze mu Kiganiro " Wiriiwe Maine" co kuri uyu w-Imana itariki ya 9 ukwezi kwa 11 umwaka wa 2025. Twabazaniye Umunyarwandakazi Kevine Umutesi akora ibijanye n'ubwiza. Aratubwira ukuntu yakujije impano yiwe n'uko akorera abamugana. Ku bwiwe, ugutaka abakenyezi n'abakobwa canke kubakorera " maquillage" ni ikimenyetso co kwikunda kandi abantu barabikeneye. Mugumane natwe. Tunabafitiye amakuru...
59 min